This version of the page http://www.radiyoyacuvoa.com/a/3652570.html (0.0.0.0) stored by archive.org.ua. It represents a snapshot of the page as of 2017-01-13. The original page over time could change.
Umunyamakuru Yaranyurujwe Muri Iraki

Uko wahagera

  • Jya ku ntangiriro
  • Jya aho gutangirira
  • Jya aho gushakira
  • Learning English
Indimi
Amakuru

Umunyamakuru Yaranyurujwe Muri Iraki


Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Haider al-Abadi yategetse abajejwe umutekano kurondera gutanguza amatohoza kw'inyuruzwa ry'umumenyashamakuru Afrah Shawqi al-Qaisi

  • Sangira n'abandi kuri Facebook
  • Sangira n'abandi kuri Twitter
  • Share on WhatsApp
  • Oherereza imeyeli inshuti

Abategetsi muri Iraki bariko bararondeza umumenyeshamakuru yanyurujwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bamusanze murugo rw'iwe mu murwa mukuru Baghdad.

Uwo mukenyezi, Afrah Shawqi al-Qaisi yanyurujwe k’umusi wa mbere, ahejeje gutangaza amakuru atyoza umwe mu bakozi bakuru mu bushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru muri Iraki ryatangaje ko abantu umunani bitwaje ibirwanisho biyita abo mu nzego z’umutekano binjiye munzu yiwe kuwa mbere mw’ijoro, bakubita muramu we bapfunga n’umwana wiwe w’umuhungu

Gushik’ubu ntawuramenya aho apfungiwe.

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Haider al-Abadi yategetse abajejwe umutekano kumurondera no gutanguza amatohoza.

Qaisi afise uburambe bunini mu mwuga wo kumenyeshamakuru muri Iraki kandi amenyerewe anegura ukurya ruswa kurangwa mur’ico gihugu. Asanzwe kandi akorera ubushikiranganji bw’imico kama muri Iraki.

Back to top
XS
SM
MD
LG