Reba ibyavuzweho
Perezida Muhammadu Buhari wa Nijeriya yatangaje ko igisirikare ciwe cafashe ikambi ya nyuma y’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram yari mw’ishamba rya Sambisa.
Buhari yatangaje kur’uyu wa gatandatu ko iryo shamba riri mu buraruko bushira ubuseruko bwa reta ya Borno aribwo bwari ubwihisho uwo muhari wari usigaranye kandi ko bari bamaze ukwezi mu mirwano.
Ariko iryo tangazo ntirivuga aho Abubakar Shekau arongoye Boko Haram yahungiye. Boko Haram war’umaze imyaka indwi ugaba ibitero muri Nijeriya, abantu barenga ibihumbi 20 bakaba barahasize ubuzima.
Erekana ibyavuzweho