Reba ibyavuzweho
Urubanza rw'abagirizwa guhirika ubutegetsi mu Burundi rwumvirijwe kuri uyu wa mbere mu gisata ca gasamburamanza ca sentare ntahinyuzwa. Abanyororo n'ababunganira kuburana basavye sentare gusambura urubanza rugasubira kuburanishwa bushasha. Urubanza rwaroye mu mwiherero, ingingo izofatwa izoja ahabona mu kiringo c'imisi 30.
Abarengutse kuri uyu wa mbere ni 17. Bose bari baciriwe umunyororo wo guherayo. Cumi muribo nibo bari bafise abashingwamanza babafasha kuburana. Mubatari bafise ababunganira harimwo General Cyrille Ndayirukiye afatwa nka numero ya kabiri y’abagerageje guhirika ubutegetsi ku ma genekerezo ya 13 na 14 ukwezi kwa gatanu umwaka w’I 2015. Ahamagawe imbere ya sentare Ndayirukiye yibukije ko yatswe uburenganzira bwo kugira abashingwamanza bamwunganira.
Umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika mu Burundi Eloge Willy Kaneza ni we yakurikiranye iyi nkuru I Gitega.
Erekana ibyavuzweho