This version of the page http://www.radiyoyacuvoa.com/a/3398300.html (0.0.0.0) stored by archive.org.ua. It represents a snapshot of the page as of 2016-07-19. The original page over time could change.
MINUSMA Igiye Guhangana n'Iterabwoba

Uko wahagera

  • Jya ku ntangiriro
  • Jya aho gutangirira
  • Jya aho gushakira
  • Learning English
Indimi
Amakuru

MINUSMA Igiye Guhangana n'Iterabwoba


Abasirikare ba ONU Muri Mali

  • Sangira n'abandi kuri Facebook
  • Sangira n'abandi kuri Twitter
  • Oherereza imeyeli inshuti

Inama ya ONU ijejwe umutekano yafashe icemezo co kwongereza abasirikare 2500 biyongera bu nteko za MINUSMA ziri mu gihugu ca Mali.

Mu nama yayo yo kuwa gatatu, iyo nama yahaye uburenganzira abasirikare ba ONU muri Mali gukurikirana imihari igira ibitero vy’iterabwoba.

Bihejwe abasirikare ba ONU bapfa muri Mali, bemeranije ko izo nteko zitorohewe.

Mur’iyo nteguro yashikirijwe n’Ubufaransa yongera yemezwa n’inama ya bose, ONU yashinze ko inteko za MONUSMA zigiye gufasha abasirikare ba reta guhangana n’imihari y’iterabwoba no kugarukana ubutegetsi mu gihugu.

Abasirikare ba ONU muri Mali bagiye gushika ku gitigiri c’ibihumbi 13 hamwe n’abapolisi 2000.

Gushik’ubu, abasirikare ba ONU bamaze gupfa muri Mali bashika kuri 68, igitigiri kitari bwigere gishika kuva ONU itanguye kurungika abasirikare bayo gucungera umutekano kw’isi.

Erekana ibyavuzweho

Back to top
XS
SM
MD
LG