Reba ibyavuzweho
Umuryango w’ibihugu bigize ubumwe bwa Bulayi waremeje ko ugumijeho ibihano vy’ubutunzi wafatiye Uburusiya ikindi kiringo c’amezi atandatu bivanye n’intambara Uburusiya bufisemwo uruhara yo muri Ukraine itarahagarara.
Aba Ambasaderi b’ibihugu 28 bigize uwo muryango nibo bafashe iyo ngingo ejo k’umusi wa kabiri.
Amakuru ava mu ba dipolomate b’uwo muryango I Buruseli, amenyesha ko inama y’abashikiranganji b’ivyo bihugu itegekanijwe k’umusi wa gatanu mu gihugu ca Luxemburg izobanza nayo nyene kwemeza iyo ngingo.
Mu ndwi iza naho abakuru b’ibihugu bace bakorana kugira baryemeze burundu.
Ivyo bihano bishimikiye ku bisata vy’ibitoro, ubutunzi hamwe n’ukwivuna umwansi.
Ivyo bihano vyari bitegekanijwe ko bihagarara mu mpera z’ukwezi kwa ndwi. Mugihe vyokwemezwa vyoca bibandanya gushika mu kwezi kwa mbere umwaka w’2017.
Erekana ibyavuzweho