Abamenyeshamakuru bo muri Afrika y’epfo, bahurikiye mu runani rwitwa, SABC mu mpfunyapfunyo y’icongereza, baragize imyiyerekano mu bisagara vya Johannesburg na Cap Town ku wa gatanu.
Frederic Bamvuginyumvira yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu, akaba mur’iki gihe yar’ajejwe amabanga akomeye mu runani ruharanira iyubahirizwa ry’amasezerano y’I Arusha hamwe na Demokrasi, yaratanze imihoho mur’ayo mabanga.
Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe agateka ka zina muntu, Martin Nivyandi arabeshuza raport y’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ivuga kw’ubwicanhyi bubandanya mu Burundi bushobora kuvamwo ubwicanyi bufatiye ku bwoko.