This version of the page http://www.radiyoyacuvoa.com/a/3614541.html (0.0.0.0) stored by archive.org.ua. It represents a snapshot of the page as of 2016-12-22. The original page over time could change.
Amerika Yongereje Ikiringo c'Ububasha Bwayo bw'Ukurwanya Al-Shabab

Uko wahagera

  • Jya ku ntangiriro
  • Jya aho gutangirira
  • Jya aho gushakira
  • Learning English
Indimi
Amakuru

Amerika Yongereje Ikiringo c'Ububasha Bwayo bw'Ukurwanya Al-Shabab


  • Sangira n'abandi kuri Facebook
  • Sangira n'abandi kuri Twitter
  • Oherereza imeyeli inshuti

Reta ya perezida Barack Obama, yarongereje ikiringo c’ubutegetsi bwayo ihabwa n’amategeko, bw’ukugira ibitero ku murwi w’intagondwa z’Abayislamu muri Somaliya, al-Shabab, ukorana n’umurwi al-Qaida.

Ikinyamakuru, New York Times, gisubiramwo abategetsi bakomeye ba Amerika, catangaje, uno musi ku wa mbere, ko Reta ya Amerika yabonye kw’umurwi al-Shabab, uri mu ngwano inama nshingamateka ya Amerika yarekuriye, ku bagize ibitero kw’italiki cumi n’imwe z’ukwezi kw’icenda mu mwaka w’i 2001.

Iyo ngingo, yatumye bamwe mu banonosoye amategeko, n’abahinga mu vyerekeye imigenderanire bagira impungenge ko Reta ya Amerika iriko ikoresha ububasha burengeye, mu bikorwa vy’ukurwanya iterabwoba mu bihugu biri kure y’igihugu ca Afuganistani.

Iyo ngingo izokomeza kandi muri kazoza ububasha bwa prezida Donald Trump, bw’ukurwanya abarwanyi b’Abayislamu, mu karere k’ihembe rya Afrika.

Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, zaragize ibitero bitari bike vy’indege z’ingwano ku bayobozi b’umurwi al-Qaida, harimwo igitero cahitanye umutegetsi mukuru w’uwo murwi, Ahmed Abdi Godane, mu mwaka w’i 2014.

Erekana ibyavuzweho

Back to top
XS
SM
MD
LG