This version of the page http://www.radiyoyacuvoa.com/a/3570124.html (0.0.0.0) stored by archive.org.ua. It represents a snapshot of the page as of 2016-11-28. The original page over time could change.
Ibihugu Vyose vy'Afirika Ntibizova muri CPI

Uko wahagera

  • Jya ku ntangiriro
  • Jya aho gutangirira
  • Jya aho gushakira
  • Learning English
Indimi
Amakuru

Ibihugu Vyose vy'Afirika Ntibizova muri CPI


Abagize Sentare mpuzamakungu Mpanavyaha y'i LaHaye mu Buholande

  • Sangira n'abandi kuri Facebook
  • Sangira n'abandi kuri Twitter
  • Oherereza imeyeli inshuti

Afrika y’epfo n’Uburundi vyararungikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, amakete y’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Igihugu ca Gambiya gitangaza ko kizobigenza nk'uko.

Angela Mudukuti, umuhinga mu vyerekeye amategeko mpanavyaha mu makungu, akorera ikigo, Southern Africa Litigation Center, avuga ko n'ivyo atari ibintu bishasha.

Amenyesha ko uko umwaka utashe, nko muri iki gihe babona bintu nk'ivyo, aho ama Reta avuga ko agiye kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ngo yamara amaherezo ntibishire mu ngiro uwo mugambi.

Mudukuti, avuga ko Namibiya yatangaje ko kigiye kuva muri CPI, mu mwaka uheze, Kenya imaze imyaka itari mike ivuga nk'uko, Uganda nayo nyene yaravuze ku vyerekeye uwo mugambi.

Amenyesha ko hari ibihugu bitari bike vyagabishije kuva mur'iyo sentare, yamara mu vy’ukuri ata kintu na kimwe vyakoze.

Yamara, Angela Mudutuki, avuga ko muri iki gihe hari ibihugu vyatanguye uwo mugambi, ngw’ibintu biratandukanye. Atangaza ko hashobora kuba ibindi bihugu bifata iyo nzira.

Abategetsi b’igihugu vyo muri Afrika bamaze igihe biyamiriza ivyo bavuga ko sentare mpuzamaku mpanavyaha ifise aho ihengamiye. Batangaza ko aribo bonyene bakwirikiranwa.

Back to top
XS
SM
MD
LG