This version of the page http://www.radiyoyacuvoa.com/a/3534847.html (0.0.0.0) stored by archive.org.ua. It represents a snapshot of the page as of 2016-10-24. The original page over time could change.
Etiyopiya Catanguje Ikigandaro ku Bahitanwe n'imisunikano.

Uko wahagera

  • Jya ku ntangiriro
  • Jya aho gutangirira
  • Jya aho gushakira
  • Learning English
Indimi
Amakuru

Etiyopiya Catanguje Ikigandaro ku Bahitanwe n'imisunikano.


  • Sangira n'abandi kuri Facebook
  • Sangira n'abandi kuri Twitter
  • Oherereza imeyeli inshuti

Igihugu ca Etiyopiya catanguje kur’uyu wa mbere ikigandaro c’imisi itatu kubantu 52 biciwe mu misunikano yabereye mu birori vy’idini inyuma yaho igipolisi kibatereyemwo ivyuka bikoroza amosozi k'umusi w'iamana.

Ivyo vyashikirijwe n’ikinyamakuru ca reta ya Etiyopiya. Abanyagihugu bo mu bwoko bw’aba Oromo bari bakoraniye k’umusi w’Imana mu gisagara ca Bishoftu, hafi y’umurwa mukuru Addis Abeba.

Ibintu vyagiye kuyangara inyuma y’aho igipolisi gitanguriye kubasukamwo ivyuka bikoroza amosozi.

Ubutegetsi bwo mur’iyo ntara bwatangaje ko abantu 52 bapfuye mu misunikano bariko barondera ingene bahunga.

Erekana ibyavuzweho

Back to top
XS
SM
MD
LG