This version of the page http://www.radiyoyacuvoa.com/a/3526872.html (0.0.0.0) stored by archive.org.ua. It represents a snapshot of the page as of 2016-10-24. The original page over time could change.
ICC: Ahmad al-Faqi al-Mahdi Yaciriwe Gufungwa Imyaka 9

Uko wahagera

  • Jya ku ntangiriro
  • Jya aho gutangirira
  • Jya aho gushakira
  • Learning English
Indimi
Amakuru

ICC: Ahmad al-Faqi al-Mahdi Yaciriwe Gufungwa Imyaka 9


Ahmad al-Faqi al-Mahdi

  • Sangira n'abandi kuri Facebook
  • Sangira n'abandi kuri Twitter
  • Oherereza imeyeli inshuti

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye mu Buholande yaciriye igifungo c’imyaka icenda Ahmad al-Faqi al-Mahdi yahoze ar’umurwanyi w’abayislamiste k’uruhara yagize mu gusenyura ibibanza vyeranda mu gisagara ca Timbuktu muri Mali.

Ico gifungo ca Al-Mahdi cabaye ic’imyaka mike kuko ngo yari gufungwa imyaka 30 kuko yasenye ibibanza vyerenda 10 I Timbuktu m’umwaka w’2012 igihe abarwanyi b’abayisilamu aribo bagenzura ico gisagara.

Ico kibaye icaha cambere co mu ntambara giciriwe uwasenyuye ibiranga akaranga n’imico vy’abanyagihugu.

Abakurikiranira hafi ivy’iyo sentare bavuga ko bizigiye ko n’abarwanyi b’abayisilamu basenyuye ibigo vyo kuratira kahise muri Iraki na Siriya bakwiye kurengutswa imbere y’iyo sentare.

Abaharanira agateka ka muntu bo bipfuza ko iyo sentare yokurikirana n’abagirizwa ubwicanyi bose mu ntambara yabaye muri Mali m’umwaka w’2012.

Uru rubanza rwa Al-Mahdi rugize urwa kane iyo sentare iciye kuva igishingwa m’umwaka w’2002. Abandi yaciriye imanza barimwo Joseph Kony arwanya reta ya Uganda hamwe na Laurent Gbagbo yahoze arongoye Kote d’Ivoire.

Erekana ibyavuzweho

Back to top
XS
SM
MD
LG