This version of the page http://www.radiyoyacuvoa.com/a/3495784.html (0.0.0.0) stored by archive.org.ua. It represents a snapshot of the page as of 2016-09-18. The original page over time could change.
Ubufaransa Bwasavye kw'Amajwi Asubira Guharurwa muri Gabon

Uko wahagera

  • Jya ku ntangiriro
  • Jya aho gutangirira
  • Jya aho gushakira
  • Learning English
Indimi
Amakuru

Ubufaransa Bwasavye kw'Amajwi Asubira Guharurwa muri Gabon


  • Sangira n'abandi kuri Facebook
  • Sangira n'abandi kuri Twitter
  • Oherereza imeyeli inshuti

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubufransa, Manuel Valls, yifatanije n’abandi, mu kwerekana impungenge ku matora yabayemwo amatati, aherutse kuba mu gihugu ca Gabon.

Mu kiganiro kuri radiyo y’igihugu c’Ubufransa, RTL, Valls avuga kw’igihugu ca Gabon cotegerezwa gusubira kugirisha igikorwa c’uguharura amajwi. Ivyo inyuma yuko abatavuga rumwe na Reta bavuze ko amajwi yibwe.

Amenyesha ko hari amazinda. Abakwirikirana amatora bo mu karere k’i Bulaya mu gihugu ca Gabon, baza barashikirije ibinebaguro, ku vyerekeye amatora muri ico gihugu. Avuga ko vyoba vyiza amajwi asubiye guharurwa.

Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, watangaje mu ndwi iheze ko perezida Ali Bongo, yatsinze amatora n’amajwi agera ku bihumbi bitanu. Ivyo vyatumye haba imyiyerekano n’uruhagarara mu mabarabara vyahitanye abantu batandatu.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane w’igihugu ca Gabon, Seraphin Mounndounga, yaratanze imihoho bifatiye ku matora yaranzwe n’amatati. N’umutegetsi akomeye wa Reta atanze imihoho kuva amatora abaye.

Moundounga, yabwiye Radio France International, ku musi wa mbere ko Reta itariko yishura ku mpungenge zihari, ku gikorwa nkenerwa cuko hoba amahoro mu gihugu. Amenyesha kw’ivyo arivyo vyatumye afata ingingo y’ugutanga imihoho.

Ku musi wa mbere kandi, Jean Ping, yahiganywe na Ali Bongo, yatangaje nawe nyene kw’ariwe mukuru w’igihugu, yasavye imyiyerekano mu gihugu cose.

Erekana ibyavuzweho

Back to top
XS
SM
MD
LG