Reba ibyavuzweho
Inama ya ONU ijejwe umutekano yatanguye guca irya n’ino uruhara rwagizwe na reta ya Siriya hamwe n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu baregwa kuba barakoresheje ibirwanisho vy’ubumara mu ntambara iriko irabahuza muri Siriya.
Ibiganiro vyo k'umusi wa kabiri vyari bishimikiye kucegeranyo casohowe n’ishirahamwe rishinzwe kubuza ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’ubumara. Amatohozwa yibanze ku myaka y’2014 n’2015.
Basanze reta ya Siriya yarakoresheje ubumara bwitwa chlorine mugihe umuhari wa reta ya Kiyisilamu basanze warakoresheje ubumara bwitwa sulfur mu bitero vyabo.
Inama ya ONU ijejwe umutekano, ishobora gufatira ibihano izo mpande zose.
Nayo amashirahamwe aharanira agateka ka muntu asaba kurengutsa abagirizwa ivyo vyaha imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I Lahaye m’Ubuholande.
Erekana ibyavuzweho