This version of the page http://www.radiyoyacuvoa.com/a/3487668.html (0.0.0.0) stored by archive.org.ua. It represents a snapshot of the page as of 2016-09-10. The original page over time could change.
ONU: Siriya na Reta ya Kiyisilamu Kw'ikoreshwa ry'Ibirwanisho vy'Ubumara

Uko wahagera

  • Jya ku ntangiriro
  • Jya aho gutangirira
  • Jya aho gushakira
  • Learning English
Indimi
Amakuru

ONU: Siriya na Reta ya Kiyisilamu Kw'ikoreshwa ry'Ibirwanisho vy'Ubumara


  • Sangira n'abandi kuri Facebook
  • Sangira n'abandi kuri Twitter
  • Oherereza imeyeli inshuti

Inama ya ONU ijejwe umutekano yatanguye guca irya n’ino uruhara rwagizwe na reta ya Siriya hamwe n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu baregwa kuba barakoresheje ibirwanisho vy’ubumara mu ntambara iriko irabahuza muri Siriya.

Ibiganiro vyo k'umusi wa kabiri vyari bishimikiye kucegeranyo casohowe n’ishirahamwe rishinzwe kubuza ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’ubumara. Amatohozwa yibanze ku myaka y’2014 n’2015.

Basanze reta ya Siriya yarakoresheje ubumara bwitwa chlorine mugihe umuhari wa reta ya Kiyisilamu basanze warakoresheje ubumara bwitwa sulfur mu bitero vyabo.

Inama ya ONU ijejwe umutekano, ishobora gufatira ibihano izo mpande zose.
Nayo amashirahamwe aharanira agateka ka muntu asaba kurengutsa abagirizwa ivyo vyaha imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I Lahaye m’Ubuholande.

Erekana ibyavuzweho

Back to top
XS
SM
MD
LG