This version of the page http://www.radiyoyacuvoa.com/a/3171864.html (0.0.0.0) stored by archive.org.ua. It represents a snapshot of the page as of 2016-06-14. The original page over time could change.
USA: Amajonjora y'Abakandida Perezida Yatangiye

Uko wahagera

  • Jya ku ntangiriro
  • Jya aho gutangirira
  • Jya aho gushakira
  • Learning English
Indimi
Amakuru

USA: Amajonjora y'Abakandida Perezida Yatangiye


Abakandida bari imbere

  • Sangira n'abandi kuri Facebook
  • Sangira n'abandi kuri Twitter
  • Oherereza imeyeli inshuti

Muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, reta yitwa Iowa yatanguje uno musi ku wa mbere amatora y’abazohagararira imigambwe yabo mu matora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora azoba muri Amerika mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Ayo matora yo kuri uyu wa mbere mwijoro ategekanijwe kubera mu mashule igihumbi n’amajana atandatu na mirongo umunani n’imwe, mu bibanza vy’abajejwe kuzimya imiriro no mu bindi bibanza muri iyo ntara.

Abakandida babiri bari imbere y’abandi mu mugambwe w’Abarepubulika, ni umurwizatunga akomeye, Donald Trump na Senateri wo mu ntara ya Texas, Ted Cruz. Harimo n’abandi bakandida batari bake bariko bagirisha ayandi makoraniro mu gihe amatora yaregereje.

Abakandida bo mw'ishyaka ry'Abademokrate bakomeye ni Hillary Clinton yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Amerika n'amakungu, na Senateri wo mu ntara ya Vermont, Bernie Sanders. Bombi bariko bahiganwa bikomeye cane bahatanira ikibanza ca mbere.

Mu ndwi amatora azakomereza muri reta yitwa New Hampshire.

Back to top
XS
SM
MD
LG