Ku wa gatatu, Mata 27, 2016 isaha yo mu karere 21:02
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Yafashije mu Bitero bya Paris Afatirwa muri Espagne

    Antoine Denive

    Antoine Devine yagirizwa ko yagurishije inkoho ku wagize igitero cihaye inkumbi mu kwezi kwa mbere, umwaka w’i 2015 mu mangazini i Paris yahagaritswe.

    Ivyo vyatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati uno musi ku wa gatatu.

    Itangazo ry’ubwo bushikiranganji rimenyesha ko Devine, muri iki gihe afise imyaka mirongo ibiri n’indwi, aturuka mu gisagara ca Sainte Catherine, mu buraruko bw’igihugu c’Ubufransa, yahagaritswe hisunzwe umutahe wo mu karere k’Ubulayi, wasohowe ejo ku musi wa kabiri mu gisagara ca Rincon de la Victoria, mu gihugu ca Espagne.

    Devine yagirizwa ko yagurishije inkoho kuri Amedy Coulibaly, yarashe ku bantu bari mu mangazini ikomye, i Paris imisi mikeyi inyuma y’ibitero ku biro vy’ikinyamakuru, Charlie Hebdo. Coulibaly yishe umupolisi w’umupfasoni n’abandi bantu bane imbere yuko igipolisi kimurasa.

    Devine yahungiye mu gisagara ca Malaga, muri Espagne, avuye mu Bufransa, indwi zitari nke inyuma yaho, aho avurwa ko yabandanije kugurisha ibirwanisho akoresheje amazina atariyo. Ivyo bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati bw’igihugu ca Espagne.

    Sentare nkuru yo mu gihugu ca Espagne yatangaje uno musi ku wa gatatu ko Devine yahakanye ko yagurishije ibirwanisho kuri Coulibaly. Yamara yaremeye gushikirizwa igihugu c’Ubufransa.

     

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga