Ku wa gatatu, Mata 27, 2016 isaha yo mu karere 21:05
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru / Amakuru Ashyushye

    Nijeriya: Boko Haram Ikoresha Abana mu Bitero

    Boko Haram

    Abarwanyi b’umurwi Boko Haram mu gihugu ca Nijeriya bariko barongereza ikoreshwa ry’abana mu bitero vy’amabombe vy’abiyahuzi.

    Ivyo bimenyeshwa n’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana, UNICEF.

    Raporo yasohowe uno musi ku wa kabiri imenyesha kw’abana mirongo ine na bane bagize uruhara mu bitero vy’abiyahuzi vy’umurwi Boko Haram mu mwaka w’i 2015. Vyiyongeye incuro cumi bivuye ku ncuro zine umwaka w’imbere yaho.

    Mu kiringo c’imyaka ibiri irangiye, umwe mu biyahuzi batanu b’umurwi Boko Haram yari umwana. Ibice mirongo irindwi na bitanu kw’ijana vy’abo bana bari abigeme, ku bw’iyo raporo.

    Umurwi Boko Haram wararungitse abana, kenshi baba batazi ko batwaye amabombe mu bibanza bikoraniyemwo abantu benshi nk’amasoko n’imisigiti aho batabonwa nkuko bateye ibibazo.

    Mu kiringo c’imyaka ibiri irangiye, ishirahamwe UNICEF ryamenyesheje kw’ibitero vy’abiyahuzi 21 vyabaye mu gihugu ca Kameruni honyene vyagizwe n’abana.

    Muri Nijeriya habaye ibitero 17 vyagizwe n’abana mu gihe muri Cadi habaye ibitero 2 vyagizwe n’abana.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga