Ku wa mbere, Mata 25, 2016 isaha yo mu karere 02:42
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    USA: Kobe Bryant Yasezeye kuri Basketball

    Umukinyi kirangiranwa w’umupira w’amaboko wa Basketball m’Umunyamerika, Kobe Bryant yarakinye urukino rwiwe rwa nyuma ejo ku musi wa gatatu.

    Umurwi wiwe, Los Angeles Lakers, wahuye n’umurwi Utah Jazz mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatatu mu gisagara ca Los Angeles. Los Angeles Lakers yatsinze Utah Jazz amanuta 101 ku manuta 96.

    Kobe Bryant yari amaze imyaka mirongo ibiri akina Basketball ku rwego rw’ababigize umwuga.

    Mu myaka mirongo ibiri yamaze akona Basketball ku rwego rw’ababigize umuwuga yatsinze amahinganwa y’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko wa Basketball, NBA incuro zitanu. Bryant aza ubwa gatatu mu bakinyi binjije ibitsindo vyinshi mu mateka y’ishirahamwe NBA.

    Gatoyi inyuma yuko yinjije amanuta mirongo itandatu mu vyafashije umurwi wiwe gutahira intsinzi, Bryant yatangaje ko yanezerejwe cane n’abantu benshi bamushigikiye.

    Yatangaje ko ariko ategekanya imigambi y’ukurondera iyindi mirimo mishasha akunda azokora.

    Urukino rwiwe rwa nyuma rwarorewe n’abantu bazwi cane, barimwo abanonotsi, abacuraranzi, abakinyi b’amasinema n’abahoze bakinana nawe.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga