Ku wa mbere, Mata 25, 2016 isaha yo mu karere 08:03
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Panama Papers: Amatohoza Arabandanya

    Umupolisi wa Panama ku kigo Mossack Fonseca cagirizwa kugira uruhara mw'inyuruzwa ry'amafaranga mu rukurikirana rw'ivyiswe Panama Papers.

    Igipolisi co mu gihugu ca Panama carakoze ibikorwa vyo gusaka ikigo c’abashingwamanza citwa Mossack Fonseca cagirizwa gufasha kubika mw’ibanga amafaranga y’abategetsi bakomeye kw’isi, ni mu rukurikirane rw’amabanga aheruka gusohorwa yiswe Panama Papers. Ivyo vyabaye kuwa gatatu.
    Ikigo Mossack Fonseca nico cagirijwe ko cafashije mw’inyuruzwa ry’amatagisi hamwe no kugira uruhara mu bindi bikorwa vya forode.

    Uwashinze ico kigo Ramon Fonseca yamenyesheje ko ikigo ciwe ata mategeko carenze kandi ko ata mpapuro na zimwe cigeze kinyegeza canke ngo kizimanganye.

    Bamwe mu bategetsi bakomeye kw’isi bagirizwa mur’iryo nyuruza ry’amatagisi ni Perezida Petro Poroshenko wa Ukraine, abandi n’abagenzi ba Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya, incuti za ministre wa mbere w’ubwongereza David Cameron,  Minisitiri wa mbere wa Pakisitani Nawaz Sharif;  hamwe na Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping.  

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga