Ku cyumweru, Mata 24, 2016 isaha yo mu karere 13:47
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Afganistani: ISIS Yaratswe Uturere

    x

    Abategetsi barongoye inteko mvamakungu zagiye hamwe mu kurwanya umugwi w’intagondwa wa leta ya Kiyisilamu bamenyesha ko bariko baratsinda muri Afganistani.

    Bamenyesha ko bariko barigarurira uturere twari mu minwe y’abarwanyi ba Leta ya Kiyisilamu.

    Umuvugizi w’inteko za NATO Brigadier Jenerali Charles Cleveland yamenyesheje kuwa kane ko umugwi wa leta ya Kiyisilamu wari wafashe ama distirikte ashika atandatu k’umunani, ariko ngo ubu usigaranye abiri

    Igisirikare c’Amerika kigereranya ko abarwanyi bava ku gihumbi gushika ku bihumbi bitatu aribo basigaye  mu gihugu ca Afganistani, nkuko bimenyeshwa na Jenerali Cleveland, abandanya avuga ko bashobora kuba munsi yabo.