Ku cyumweru, Mata 24, 2016 isaha yo mu karere 13:52
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Sudani y’Epfo: Machar Arashika I Juba Nta Nkeka

    Abasirikare ba Sudani y'epfo bariko barakinjura kugira bahe umwanya abarwanya leta.
    x
    Abasirikare ba Sudani y'epfo bariko barakinjura kugira bahe umwanya abarwanya leta.

    Leta ya Sudani y’amaj’epfo imenyesha ko iriko irakura bamwe mu basirikare bayo k’umugwa mukuru Juba mu ntumbero yo gutegura umuzo w’abasirikare bahora barwanya leta bimirije gushika mur’ico gisagara ku musi wa mbere hamwe n’umukuru wabo Riek Machar.

    Ni mw’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro yateweko umukono na leta hamwe n’abayirwanya

    Impande zose uko ari zibiri zumvikanye ko abasirikare ba leta bababa 5000 n’abapolisi aribo bashobora kuguma I Juba, kugira abarwanya leta nabo bazane abasirikare babo 3000.

    Ariko abarwanya leta bagiriza leta ya Sudani y’epfo ko ibesha ngo iriko irakura abasirikare bayo I Juba bakavuga ko ahubwo boba bariko bongerezayo abandi basirikare mu mpusho.

    Ariko naho bir’uko, abatavuga rumwe na leta bamenyesha ko atankeka Riek Machar azotaha I Juba kuwa mbere kandi azoca arahirira amabanga y’icegera c’umukuru w’igihugu.