Ku cyumweru, Mata 24, 2016 isaha yo mu karere 14:26
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Reta ya Kiyislamu Yagabishije Kwica Keith Ellison

    Umushingamateka, Keith Ellison aserukira Reta ya Minnesota, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika
    x
    Umushingamateka, Keith Ellison aserukira Reta ya Minnesota, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

    Keith Ellison, umushingamateka w’Umuyislamu yavuze kw’umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, ugizwe n’ababeshi, abicanyi, abantu barangwa n’ubunyamaswa n’ugufata abapfasoni ku nguvu. Ivyo yabitangaje inyuma yuko uwo murwi ugabishije kumwica.

    Keith Ellison, Umudemokrate aserukira intara ya Minnesota, yifatiye mu gahanga abagira iterabwoba b’umurwi, Reta ya Kiyislamu, mu kuvuga ko ata mu Yislamu azi yemera ivyo uwo murwi wigisha uvugako biranga idini rya Kiyislamu.

    Keith Ellison, avuga ko kubona uwo murwi ugabisha kumwica vyerekana ko ariko aharanira ibintu nk’ubutungane, kwihanganira abandi n’isi ata numwe ikumira.

    Umurwi witwa Reta ya Liyislamu, wagabishije, muri iyi ndwi kwica abantu uvugako bataye akaranga k’Ubuyislamu muri reta Zunze Ubumwe za Amerika, Australiya, Ubwongereza na Canada.

    Abo bantu barimwo, Huma Abedin, umufasha wa Hillary Clinton, ariko arondera gutorwa guserukira umugambwe w’Abademokrate mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’icumi na rimwe muri merika, akaba yigeze kuba umunyamabanga wa Hillary Clinton igihe yari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika.

    Umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, warasohoye uturonde rw’abo ugabisha kwica kuri internet n’isanamu y’imbugita iriko amaraso.

    Uwo murwi uvuga ko abantu bari kuri urwo rutonde bazogirwa ikigongwe niyo bishikiriza imbere yawo.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga