Ku cyumweru, Mata 24, 2016 isaha yo mu karere 14:24
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    VOA Yaronse Umuyobozi Mushasha

    Amanda Bennett azorahira mu mabanga yiwe mashasha y'ukuyobora Ijwi rya'Amerika ku musi wa mbere, italiki 18 z'uku kwezi kwa kane, umwaka w'i 2016

    Amanda Bennett, yatsindiye agashimwe, Pulitzer, nk’umumenyeshamakuru agira amatohiza, akaba n’umwanditsi, yagenywe kuba umuyobozi mushasha w’Ijwi ry'Amerika.

    Amanda Bennett, azorahira mu mabanga yiwe mashasha ku musi wa mbere, italiki 16 z’ukwezi kwa kane ku cicaro c’Ijwi ry'Amerika.

    Ivyo vyatangajwe n’urwego rukwirikirana ibigo ntanganzagamakuru vya Reta y'Amerika, nk’Ijwi ry'Amerika n’ibindi bigo ntangazamakungu bine vya reta

    Bennett, yarabaye umwanditsi mukuru w’ikinyakakuru, Bloomberg News, gushika mu mwaka w’i 2013. Imbere yaho yari umwanditsi mukuru w’ikinyakauru, The Philadelhia Inquirer. Imbere yaho naho yarabaye umuwanditsi mukuru n’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru, The Wall Street Journal.

    Umuyobozi mukuru w’urwego rukwirikirana ibigo ntangazamakuru vya Reta y'Amerika, John Lansing, amenyesha ko yishimiye ko, Amanda Bennett, ariwe muntu akwiriye kuyobora Ijwi ry'Amerika mu bihe bitoroshe vy’itangazamakuru mu kinjana ca mirongo biri na rimwe.

    Amanda Bennett, yanditse ibitabo bitandatu. Yatangaje ko anezewe n’ukuba ajejwe amabanga y’ukuyobora ishirahamwe rikomeye cane ku bijanye n’ugutangaza amakuru nk’Ijwi rya Amerika.

    Amenyesha kw’Ijwi rya Amerika ariyo soko y’amakuru yizigiwe, adahengamye agenwe igitigiri kinini c’abantu baba kw’isi.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga