Ku cyumweru, Mata 24, 2016 isaha yo mu karere 13:52
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Nijeriya: Amasanamu Yerekana Abigeme Banyurujwe

    Abantu bakoze imyigaragambyo basaba ko abo bakobwa barekurwa

    Imyaka ibiri inyuma yuko abarwanyi b’umurwi Boko Haram banyuruje abanyeshsule b’abigeme barenga amajana abiri mu buraruko bw’igihugu ca Nijeriya, amasanamu mashasha ya videwo avurwa ko yerekana abo bigeme haraheze amezi ane vyahaye umwizero abavyeyi babo kw’abana babo bakiri bazima.

    Umwe muri abo bavyeyi yatangaje ko yamenye benshi muri a bo bigeme. Avuga ko babye mu gice aturukamwo. Uwo muvyeyi atangaza kw’abo bigeme bahindutse.

    Ivyo yabitangaje mu gihe ariko aritegurira kuja mu myiyerekano y’umuhari ugenewe kugarukana abo bigeme wiswe, “Bring Back Our Girls” utegekanijwe kubera ku murwa mukuru wa Nijeriya, Abuja ku wa kane, umusi w’ukwibuka imyaka ibiri irangiye abo bigeme banyurujwe.

    Gushika ubu, nta makuru yari nahari ku bigeme amajana abiri na cumi n’icenda banyurujwe n’abarwanyi b’umurwi Boko Haram, mu mwaka w’i 2014 kw’ishule mu gisagara ca Chibok. Inyuruzwa ry’abo bigeme ryariyamirijwe n’amakungu.

    Amasanamu ya videwo yashizwe ahabona ejo ku musi wa gatatu, yerekana cumi na batanu muri abo bigeme. Ayo masanamu ashobora kuba yafashwe mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze, n’ikimenyetso ca mbere c’abo bigeme banyurujwe, kuva berekanywe mu masanamu ya propagande y’umurwi Boko Haram gatoyi inyuma yuko banyurujwe mu mwaka w’i 2014.

    Ayo masanamu yerekana abo bigeme bavuga indimi z’igi Hausa n’iki Kibaku, bishura ibibazo vy’umutu yariko arababaza ataboneka, ababaza amazina yabo n’aho banyururijwe.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga