Ku cyumweru, Mata 24, 2016 isaha yo mu karere 13:59
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru / Amakuru Ashyushye

    Abaserukira Ibihugu vy’I Bulaya Bagendeye Libiya

    Abategetsi baserikura ibihugu vya Bulaya barimwo uwuserukira Ubufaransa, Espagne, bari I Tripoli mu gihugu ca Libya, aho bagiye gushigikira reta nshasha yavuye mu biganiro bishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu.

    Intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu mu gihugu ca Libya, Martin Kobler, ari kumwe n'umushikirangnaji wa mbere mushasha w'igihugu ca Libya, Fayez Serraj.

    Bubaye ubwa mbere abo bategetsi baserukira ibihugu vyabo, bagendeye umurwa mukuru w’igihugu ca Libiya mur’iyi myaka ibiri iheze, inyuma y’aho ambassade zitari nke zugariye mu mwaka w’2014, bivuye ku ngwano yari hagati y’imirwi y’abagwanyi yariko iratana mu mitwe.

    Igihugu ca Libya, caciye gisinzikzwa n’ingwano yatumye havuka amareta abiri hamwe n’inama nshingamateka zibiri, bidacana uwaka.

    Bitegekanijwe kw’abo bategetsi babonana n’ivyegera vy’umushikiranganji wa mbere mushasha, Fayez Serraj.

    Umushikiranganji w’igihugu c’Ubutaliyano ajejwe imigenderanire, Paolo Gentioni yaragendeye umurwa mukuru w’igihugu ca Libiya Tripoli mu ndwi iheze, araheza aratangaza umugambi wo kwugurura ambassade zari zarugaye.

    Ubutaliyano, Ubufaransa hamwe n’ibindi bihugu vyo mu burengero biratewe amakenga n’umurwi w’intagondwa wa reta ya kiyisilamu mu gihugu ca Libiya, wigaruriye igisagara ca Sirte kandi  umaze gukora ibitero mu gihugu cose.

    Ivyo bihugu vyose vyaratangaje ko vyiteguriye guha imyimenyerezo ya gisirikare ingabo z’igihugu ca Libiya, kugira ngo zituze ibitero vy’uyo murwi.

    Igihugu ca Libiya cagiye mu kajagari ka politike kuva aho umukuru w’ico gihugu Muammar Kadhafi akuriwe ku butegetsi, agaca yicwa mu mwaka w’2011.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga