Ku cyumweru, Mata 24, 2016 isaha yo mu karere 14:02
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Amerika: Umunyaliberiya Yagirijwe Kubesha kuri Kahise Kiwe

    Mohammed Jabbateh
    x
    Mohammed Jabbateh

    Abashikirizamanza ba Reta ya Amerika bagirije umwimukira wo mu gihugu ca Liberiya, Mohammed Jabbateh, aba hanze y’igisagara ca Philadelphia ko yabeshe kuri kahise kiwe kugira yemererwe kwinjira muri Amerika.

    Batangaje ku musi wa gatatu ko Mohammed Jabbateh, azwi kw’izina, “Jungle Jabbah”, yagirijwe ko yahishije kahise kiwe k’umutegetsi mukuru mu vya gisirikare w’umurwi warwanya ubutegetsi muri Liberiya mu ngwano ya mbere muri ico gihugu.

    Jabbateh yagirizwa ko yakoze canke yategetse abandi gukora ivyaha vyo mu ngwano, harimwo kugandagura abasivile, gufata abapfasoni ku nguvu, kwinjiza abana mu gisirikare, gufata abantu bunyamaswa n’ugutyoza agateka k’abapfuye.

    Jabbateh yagirizwa ko yabeshe igihe yasaba ubuhungiro muri Amerika mu mwaka W’i 1988, n’igihe yaronswa uburenganzira bw’ukuba mu gihugu ku buryo ntabanduka imyaka ine inyuma yaho.

    Urubanza rw’ukwihweza nimba ashobora kurekurwa inyuma yuko atanze ingwati ruzoba ku musi wa mbere.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga