Ku cyumweru, Mata 24, 2016 isaha yo mu karere 14:06
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Nigeriya: Ubutungane ku Bakoze Ubwicanyi Bukabije

    Ikarata na Nigeriya
    x
    Ikarata na Nigeriya

    Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, risaba kw’abantu bacirwa imanza muri Nigeriya. Ivyo inyuma y’amakuru yuko Reta y’intara ya Kaduna yahamvye mu mpisho ibiziga vy’Abayislamu b’Abashite bagera ku majana atatu na mirongo itanu mu kinogo gufubwamwo abantu.

    Abategetsi ba Reta ya Kaduna babwiye umurwi ujejwe itohoza ku musi wa mbere kw’ibiziga vy’abo bantu vyafubwe mu gisanze inyuma y’ugutana mu mitwe kwabaye hagati y’inteko za Reta n’abanywanyi w’umuhari wa Kiyislamu muri Nigeriya, “Islamic Movement of Nigeria”, mu gisagara ca Zaria mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze.

    Umuyobozi w’ishirahamwe, Amnesty International, muri Nigeriya, M.K Ibrahim, yatangaje, ku musi wa kabiri, kw’amakuru ateye agahinda yatangajwe na Reta y’intara ya Kaduna avuga kw’Abashite amajana n’amajana bagandaguwe, bagatabwa mu binogo bihambwamwo abantu benshi ari intambwe ikomeye ya mbere y’ugushira imbere y’intahe abo bose bikekwa ko bagize uruhara muri ubwo bwicanyi bukabije.

    Amenyesha kw’ari nkenerwa kw’ibibanza birimwo ibinogo vyahambwemwo abantu benshi bikingirwa kugira itohoza ryigenga rishobora gutangura.

    Abategetsi bo mu ntara ya Kaduna bavuga kw’ibitero vyagizwe n’abasirikare ba Reta ku Bayislamu b’Abashite vyategetswe, inyuma yuko umuhari wa Kiyislamu muri Nigeriya wagirijwe ko wagerageje kwica umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Reta.

    Igisirikare ca Nigeriya kivuga ko ata makosa cakoze.

     

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga