Ku cyumweru, Mata 24, 2016 isaha yo mu karere 14:09
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    USA: Perriello Azongera Asure Ibiyaga Binini

    Thomas Perriello

    Intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe z'Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello, ari mu rugendo mu bihugu bitari bike rwatanguye kw’italiki zine z’ukwezi kwa kane mu mwaka w’i 2016 i Paris, ku murwa mukuru w’Ubufransa, n’i Bruxelles ku murwa mukuru w’Ububiligi.

    Urwo rugendo ruzomujana kandi i Geneve mu Busuwise, Kinshasa na Lubumbashi muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo, Bujumbura mu Burundi na Dar es Salaam muri Tanzaniya, gushika kw’italiki 20 z’ukwezi kwa kane, umwaka w’i 2016.

    Urwo rugendo rushimikiye ku gikorwa c’ugufasha gutuma haba intambwe mu biganiro bihagarikwe n’akarere hagati y’aberwa n’ibikazo c’Uburundi bose hamwe n’ugushigikira amatora yimirije kuba muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo.

    Thomas Perriello yaraganiye ivyo bibazo n’abategetsi b’ibihugu vy’i Bulaya, harimwo n’amashami y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i Geneve.

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika zariyemeje ku vyerekeye gushigikira amatora muri Repubulika iharanira demokrasi ya Kongo yizigiwe, arangwa n’ubwigenge kandi yisunga ibwirizwa shingiro. Perriello yagiye i Kishansa, kw’italiki 11 z’uku kwezi kwa kane.

    I Lubumbashi yabonanye n’aberwa n’ibibazo vyo muri Kongo kugira baganire ukugene umugambi werekeye amatora wogira intambwe hamwe n’ugufasha Kongo kugirisha amatora arangwa n’amahoro.

    Perriello azokwerekana impungenge za Amerika ku kugene reta ya Kongo ifata abanyepolitike batavuga rumwe na reta, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’ukunumya abatavuga rumwe na reta.

    Ibiganiro bihagarikiwe n’akarere ku Burundi nibwo buryo burashe bw’ugutorera inyishu uruhagarara ruri mu gihugu.

    Reta zunze ubumwe z'Amerika zisaba akarere gusubira gutanguza ibiganiro mu buryo bwihutirwa.

    Thomas Perriello azoja i Bujumbura kw’italiki 17 z’ukwezi kwa kane kuganira n’aberwa n’ibibazo biri mu Burundi ku mpungenge zibandanya ku vyerekeye agateka ka muntu, uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro bw’abanyepolitike batavuga rumwe na reta.

    Amenyesha ko azohimiriza reta y’Uburundi gushira mu bikorwa ivyo iherutse kwiyemeza vyerekeye kurekura abapfungiwe impamvu za politike n’ugusubira kurekurira itangazamakuru ryigenga gukora.

    Urugendo rw’intumwa idasanzwe y'Amerika mu karere k’ibiyaga binini,  Perriello, ruzorangirira muri Tanzaniya kw’italiki 20 z’ukwezi kwa kane, aho azobonana n’abategetsi b’ico gihugu kugira baganire ku twigoro tw’umuryango w’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko tw’ugutuma ibiganiro bigira intambwe n’amahoro agaruka mu Burundi.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga