Ku cyumweru, Mata 24, 2016 isaha yo mu karere 14:09
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Kongo: Indwara ya Fievre Jaune Yishe Abantu 21

    Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, mu mpfunyapfunyo, OMS, ryatangajeku musi wa mbere kw’abantu 21 muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo bapfuye bahitanywe n’indwara ya Fievre Jaune, ifatiye ku kwiyadukiza kwayo mu gihugu kibanyi ca Angola.

    Ishirahamwe OMS, ryatangaje ko kuva kw’italiki 22 z’ukwezi kwa gatatu, hari abantu 151 bikekwa ko barwaye inyonko muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo.

    Iryo shirahamwe ryaragabishije kw’igitigiri kinini cane c’abantu bagira uruja n’uruza hagati y’ivyo bihugu bibiri, n’igitigiri c’abantu bashobora kwandura iyo ndwara hamwe n’imibu ishobora gutera iyo ndwara, bituma iyo ndwara ishobora gukwiragira kurushiriza.

    Ukwaduka kw’indwara ya Fievre Jaune, kwatanguye mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze ku murwa mukuru wa Angola, Luanda. Kuva ico gihe yarakwiragiye mu ntara nka zose z’ico gihugu aho abantu barenga igihumbi n’ijana bayanduye. Abantu 168 baramaze gupfa muri Angola.

    Igihugu ca Kenya kimenyesha ko umuntu umwe yahitanywe na Fievre Jaune, hamwe n’uwundi umwe yandiye iyo ndwara ku bantu bagiye mu gihugu ca Angola.

    Ishirahamwe OMS ryaratanguje isekeza ry’ugucandaga abantu imiliyoni zitandatu n’ibihumbi amajana atanu mu gikorwa c’ugutuma iyo ndwara idakwiragira kurushiriza.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga