Ku cyumweru, Mata 24, 2016 isaha yo mu karere 04:32
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru / Amakuru Ashyushye

    BURUNDI: Abarundi barindiranye Igishika Ibiganiro

    Ingendo zitandukanye zakozwe n'abategesi bakomeye bo kw'isi, ziratanga akizero kw'ibigairo hagati y'abonse rumwe, bzoteba bigatangura

    Ildephonse Rugema
    x
    Ildephonse Rugema

    Inyuma y’aho mu Burundi hagendeye abategetsi bakomeye barimwo umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Ban Ki-moon, hamwe n’intumwa zo mu rwego rwo hejuru rw’ishirahamwe rya Afrika zigizwe n’abakuru b’ibihugu n’amareta,  hamwe n’inyuma y’urugendo rw’icegera ca secreteri wa department ya reta ya amerika ajejwe agateka ka zina muntu Tom Malinowski, abarundi batari bake bari bejejwe agatima kw’ikibazo c’umutekano muke cugarije Uburundi n’abarundi kigiye gutorerwa inyishu mu biganiro birimwo bose.

    Ivyo biganiro gushika, ubu, nta sango ry’igihe bizotangurira rizwi naho habonetse uwundi mutegetsi, Benjamin Mkapa, yahoze atwara igihugu ca Tanzania,  azofashanya na President Yoweri Muveni wa Uganda, mu gikorwa co guhuza abarundi, kugira batorere hamwe inyishu z’ibibazo vya politike.

    Mbega hokorwa iki kugira ngo ibibazo reta y’Uburundi itumvikakananko n’abatavuga rumwe nayo, bitorerwe umuti?

    Mushobora kwumviriza ikiganiro Murisanga, twatumiyemwo, Ildephonse Rugema, umurundi aba mu Bwongereza hamwe na Diomede Misigaro, umurundi aba mu gisagara ca Nashville, mu ntara ya Tennessee muri Reta Zunze Ubumwe za  Amerika.

    Ibiganiro bihuza abarundi, vyoshimikira kuki
    Ibiganiro bihuza abarundi, vyoshimikira kukii
    ▶ || 0:00:00
    ... ⇱  
    • MP3 (Mupitatu) - 45,6MB
    • MP3 (Mupitatu) - 22,8MB
     
     
    X

     

     

     

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga