Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu umenyesha kw’ivyerekeye agateka ka zina muntu vyunyutse.
Uyo murwi uvuga kw’agateka ka zina muntu, katosekaye cane cane hagati y’ukwezi kwa kane n’ukwa gatanu mu mwaka uheze, igihe haba imyiyerekanao y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.
Kuv’ico gihe, uyo mugwi wemeza ko mu matohoza wakoze, wasanze abantu barenga 350, baragandaguwe abarenga 400 nabo batabwa muri yompi.
Mu cegeranyo umugwi CNIDH weretse abashingamateka, umukuru wawo yavuze ko kuva mu ntango z’uyu mwaka, umutekano wagarutse bimwe biboneka mu bice bitandukanye vy’igihugu.
Agateka ka zina muntu mu Burundi
- Urutonde rw'ibyo ushaka
inikiza
- MP3 (Mupitatu) - 128,0kb/s - 4,4MB
- MP3 (Mupitatu) - 64,0kb/s - 2,2MB