Ku cyumweru, Mata 17, 2016 isaha yo mu karere 02:37
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Ukraine: Inzara Irabangamiye Abanyagihugu

    x

    Igisata ca ONU cita ku mfungurwa kw’isi PAM kimenyesha ko inzara ibica bigacika mu buraruko bw’igihugu ca Ukraine, mu ntara ya Donbass, inzara yatewe n’intambara yahitiye mur’ico gihugu haraheze imyaka ibiri.

    PAM imenyesha ko abantu bashika umuliyoni n’igice aribo bakeneye ibifungurwa, abashika ibihumbi amajana atatu bakeneye imfashanyo vyihuta.

    Turetse iyo nzara, abana bo mu ntara ya Donetsk mur’ico gihugu nyene ca Ukraine barakoreshwa mu bikorwa vyo kwigishwa ubuhinga bwo mu ntambara no gukoresha ibirwanisho, hakaba hari amakenga ko muri kazoza ico gihugu gishobora gusubira mu ntambara.