Ku wa gatandatu, Mata 16, 2016 isaha yo mu karere 13:39
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Benin: Perezida Patrice Talon Yatanguye Amabanga

    Perezida Patrice Talon mu Muhango wo Kurahira
    x
    Perezida Patrice Talon mu Muhango wo Kurahira

    Perezida mushasha wa Benin Patrice Talon yararahiye mu mabanga yo kurongora igihugu ku musi wa gatatu.

    Kwabaye ukundi guhanahana ubutegetsi kwongeye kuba mu mahoro mur’ico gihugu co muri Afrika y’uburengero.

    Perezida Talon yabwiye isinzi ry’abantu bar’aho igihe yarahira ko agiye kurwanya ibiturire, iterabwoba hamwe no gutez’imbere igihugu mu bijanye n’ubutunzi.

    Yemereye abanyagihugu ko agiye gutwara ikiringo kimwe gusa mugihe ibwirizwa nshingiro rya Benin ryemerera abakuru b’ibihugu gutwara ibiringo bibiri.

    Talon yamenyesheje ko kumara imyaka cumi ku butegetsi bishobora gutuma abakuru b’ibihugu bishima ngo bakoze ibihambaye aca avuga ko agiye kuzokora kugira habe ikiringo kimwe gusa mur’ico gihugu.

     Igihugu ca Benin n’igihugu gitekanye kandi cubahiriza demokarasi mugace giherereyemwo, aho mu bihugu bibanyi hama habaye gutembagaza ubutegetsi, ahandi hakaba uruhigi rw’abanyepolitike hamwe n’imidurumbanyo iterwa n’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram.