Ku wa gatanu, Mata 15, 2016 isaha yo mu karere 23:18
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    USA: Salah Abdeslam Ni Umugizi w’Iterabwoba Mu Makungu

    Salah Abdeslam
    x
    Salah Abdeslam

    Leta zunze ubumwe z’Amerika zatangaje ku mugaragaro ko Salah Abdeslam, ari ku mutwe w’ibitero vyabereye I Paris mu mwaka w’2015, ari  umugizi w’iterabwoba wo kurwego mpuzamakungu.

    Iryo tangazo ryasohowe kuwa kabiri rivuga ko amatungo yose Abdeslam yoba afitiye muri Amerika ahagaritswe kandi n’abantu bari muri Amerika babujijwe guhahanaha amafaranga nawe.

    Abdeslam yagirizwa kuba kw’isonga mu gutegura ibitero vyabereye I Paris italiki 13 z’ukwezi kwa cumi na kumwe, ibitero vyahitanye abashika 130.  

     Abdeslam yafatiwe mu Bubiligi italiki 18 z’ukwezi kwa gatatu guheze  inyuma y’amezi ane yar’amaze aronderwa.
    Iryo tangazo rivuga ko gushika ku ntambuko yo kwita umugwi w’abantu canke umuntu ko ar’uwiterabwoba, bituma haca hafatwa ibihano kandi n’amakungu agashobora guca atangura kubikorerako mu guhungabanya ibikorwa vyawo canke vy’uyo muntu.