Ku wa gatandatu, Mata 16, 2016 isaha yo mu karere 01:42
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Sudani y’Epfo: Leta y’Ubumwe Yitezwe Mu Ndwi 2

    x

    Mu Gihugu ca Sudani y’epfo, leta y’ubumwe ishigikiwe n’amakungu igiye gushingwa mu ndwi zibiri ziri imbere.

    Ivyo vyatangajwe ku musi wa kane n’umukuru wa komisiyo yashizweho kugira igenzure ishirwa mu ngiro ry’amasezerano, Festus Mogae, yahoze arongoye igihugu ca Botswana.

    Festus Mogae, yabwiye inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano ko naho bicamwo amasezerano agahonyangwa, ati hariko haraboneka akarusho kandi hari icizere ko leta igiye gushingwa.

    Kuva italiki 24 z’ukwezi kwa gatatu, abategetsi bashika 230 b’umuhari w’abarwanya leta ya Sudani y’Epfo, SPLM hamwe n’abarwanyi babo baramaze gushika k’umurwa mukuru Juba wa Sudani y’Epfo.

    Mogae amenyesha ko abasigaye vyitezwe ko bazobandanya baza mu ndwi iza gushika bashitse ku gitigiri c’1370.

    Amenyesha kandi ko n’umukuru wabo Riek Machar azoba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ata nzitizi agishira imbere k’umuzo wiwe.

    Ati ivyo bitanga ivyizigiro ko leta mfatakibanza ishobora gushingwa hagati mur’uku kwezi kwa kane gutanguye.