Ku wa gatanu, Mata 15, 2016 isaha yo mu karere 20:31
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Kameruni: Kwiyamiriza Paul Biya Birabandanya

    Perezida wa Kameruni Paul Biya
    x
    Perezida wa Kameruni Paul Biya

    Abatavuga rumwe na leta muri Kameruni barabandanya guhangana n’abapolisi mu myigaragamvyo yo kwiyamiriza ko umugambwe uri k’ubutegetsi utunganya amatora hataragera.

    Abatavuga rumwe n’ubutegetsi biyamiriza ko Perezida wa Kameruni Paul Biya yongera kwitoza kuko ngo ashaka kuguma k’ubutegitsi ubuzima bwiwe bwose.

    Perezida Biya amaze imyaka 34 k’ubutegetsi.

    Benshi mubigaragamvya barakomerekejwe n’igipolisi abandi barahagarikwa n’ubutegetsi  kuva iyo migumuko itanguye k’umusi wa kabiri uheze.

    Perezida Biya yahinduye ibwirizwa nshingiro mu mwaka w’2018 akuramwo ibiringo umukuru w’igihugu amara k’ubutegetsi.  

    Manda  yiwe iherana n’umwaka w’2018.  Abatavuga rumwe na leta bakeka ko  Biya afise umugambi wo kwongera guhindura ibwirizwa nshingiro.