Ku wa gatanu, Mata 15, 2016 isaha yo mu karere 09:45
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Kameruni: Boko Haram Irasugerejwe

    Abasirikare ba Kameruni mu Ruhigi Rwa Boko Haram
    x
    Abasirikare ba Kameruni mu Ruhigi Rwa Boko Haram

    Igisirikare ca Kameruni kimenyesha ko kimaze gufata abarwanyi barenga 300 ba Boko Haram congera kibohoza imbohe zishika 2000.

    Ni mu gihe mu misi itanu kiriko kirahigana n’uwo mugwi w’iterabwoba aho winyegeje hose ku mbibe Kameruni gihana n’ibihugu vya Chad na Nijeri.  

    Jenerali Bouba Dobekreo wo  mu gisirikare ca Kameruni akaba ari mu ba Komanda b’inteko z’akarere zagiye hamwe mu kurwanya Boko Haram amenyesha ko abarwanyi baharurwa mu majana ba Boko Haram bamaze kwicwa kandi abantu 2000 bamaze gukurwa mu vyara vyawo barabohozwa.

    Amenyesha ko basambuye ikigo Boko Haram watangiramwo imyimenyerezo ya gisirikare, barafata n’aho uwo muhari wabika ibirwanisho n’ibindi bikoresho.

    Kuva aho ibitero vy’inteko zo mu bihugu vya Afrika y’uburengero kuri Boko Haram bitanguriye mu kwezi kwa cumi na kabiri guheze, ibitigiri vy’impunzi vyariyongereye biva ku bihumbi 150 bishika ku bihumbi 200.

    Abakozi nabo bashika 1000 b’amashirahamwe agarukira ku mbabare bararungitswe muri kameruni gufasha izo mpunzi.