Ku wa gatanu, Mata 15, 2016 isaha yo mu karere 22:02
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Burundi: Mu Ntara ya Kayanza Imvura Yatwaye Imirima

    Imvura y’isegenya yaguye mu kwezi kwa mbere uyu mwaka 2016 mu ma komine amwamwe y’intara ya Kayanza, yaratwaye imirima myishi cane y’abanyagihugu na cane cane igiterwa c’umuceri kirimwa mu myonga.

    Abanyagihugu bahaburiye imirima bavuga ko babayeho nabi.

    Abajejwe intwaro mu bice imvura yaguyemwo ari nyinshi bavuga ko gushika ubu  atawuricwa n’inzara mubo barongoye, ariko bakemeza ko babayeho nabi na nabi k’uburyo bw’uko habonetse abagira neza babafasha vyotanga akarusho.

    Ni inkuru y’umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Jean Bosco Ndarurinze .

     

    Imvura y'Isegenya mu Kayanza
    Imvura y'Isegenya mu Kayanzai
    ▶ || 0:00:00
    ... ⇱  
    • MP3 (Mupitatu) - 3,0MB
    • MP3 (Mupitatu) - 1,5MB
     
     
    X

     

     

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga