Ku wa gatanu, Mata 08, 2016 isaha yo mu karere 06:43
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Ubufaransa: Uwagomba Kugaba Ibitero Yafashwe

    x

    Igihugu c’Ubufaransa catangaje ko cafashe umugabo kivuga ko yari mu mugambi wo gutera Ubufaransa afatanije n’abandi.

    Umushikiranganji w’Ubufaransa w’intwaro mu gihugu hagati Bernard Cazeneuve yamenyesheje ko uwo mugabo yafashwe ejo kuwa kane, afatirwa mu mihana y’ahitwa Argenteuil mu buraruko bushira uburengero bw’umugwa mukuru Paris.

    Cazeneuve yamenyesheje ko ata kiragaragaza ko yoba afise uruhara mu bitero vyabaye I Paris canke I Buruseli.

    Cazeneuve atangaza ko kuva muntango z’uyu mwaka abantu 75 bamaze gufatwa, 28 nabo bamaze gutabwa mw’ibohero.