Ku wa gatanu, Mata 08, 2016 isaha yo mu karere 06:48
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Amerika Yishe Umutegetsi w'Umutwe wa ISIS

    Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Ash Carter yatangaje ku wa gatanu ko umwe mu bategetsi bakuru mu vya gisirikare w’umurwi, wa Reta ya kiyisilamu (ISIS) yishwe mu gitero c’indege z’ingwano za Amerika muri Siriya. Uvugwa ni uwitwa Abd ar-Rahman Mustafa al-Qaduli

    Abd ar-Rahman Mustafa al-Qaduli avurwa ko ariwe mutegetsi aza ubwa kabiri mu gukomera muri uwo mugwi, yishwe ku musi wa kane. Ivyo bimenyeshwa n’itangazamakuru ryo muri Amerika.

    Mw’ijambo yahaye abamenyeshamakuru mu bushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw'Amerika, Carter yatangaje kw’ata birenga aho ashobora gutangaza ku vyerekeye igitero cahitanye Abd ar-Rahman Mustafa al-Qaduli.

    Yamara yavuze ko ico gikorwa kijanye n’imigambi yabo y’uguhiga abayoboye umurwi witwa, Reta ya kiyisilamu.

    Mu ntango z’ukwezi kwa gatatu, Omar al-Shishami, azwi kandi kw’izina rya “Omar the Chechen”, yarishwe mu gitero c’indege z’ingwano z'Amerika.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga