Ku wa gatanu, Mata 08, 2016 isaha yo mu karere 06:46
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Burundi: Abavugizi ba Leta Baganiye n'Abanyagihugu

    Burundi Unity day

    Kuruyu wa gatanu, abavugizi b’inzego zitandukanye za leta harimwo uwa leta n’uwumukuru w’igihugu bahaye ikiganiro abamenyeshamakuru mu ntara ya Muramvya. 

    Umuvugizi wa leta yibukije ko leta itazigera yemera ibiganiro n’abantu bafashe inzira y’intambara. Igisirikare c’Uburundi naco ntikiriko kiracanamwo naho haheruka kwicwa intwazangabo zibiri zo ku rwego rwo hejuru nayo

    Ubushikiranganji bw’ikigega ca leta bwemeza ko imigambi y’ukuvuza abanyagihugu n’iyukwigisha abana mu mashure y’intango ku buntu izobandanya.

    Leta yemeza ko ibyo bizakorwa naho ubumwe bwa Bulaya buherutse guhagarika imfashanyo bwahora buha leta. Abanyagihugu bahawe akanya ko kubaza ibibazo byose bifuza.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga