Ku wa gatanu, Mata 08, 2016 isaha yo mu karere 06:40
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Radovan Karadzic Yagiwe Ihonyabwoko

    Radovan Karadzic yahoze ari umutegetsi w'Abaserbe bo muri Bosniya
    x
    Radovan Karadzic yahoze ari umutegetsi w'Abaserbe bo muri Bosniya

    Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon yahayagije ingingo ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’ukwegeka ivyaha kuri Radovan Karadzic,

    Ban Ki-moon yavuze ko ari ingingo ihambaye cane ku bantu bo mu karere ka Balkan no hanze y’ako karere. N’ingingo ihambaye kandi ku butungane mpuzamakungu.

    Ban-Moon avugako iyo ngingo isubiye kwerekana kw’abakoze ivyaha badashoboye kwihisha ubutungane.

    Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho icahoze ari Yougoslaviya, yasanze Karadzic yagira ubwicanyi bugayitse bwakozwe n’Abaserbe mu ngwano yo muri Bosniya hagati y’umwaka w’i 1992 n’umwaka w’i 1995 yahitanye abantu ibihumbi ijana.

    Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yatangaje ko Karadzic muri iki gihe afise imyaka mirongo irindwi yagize uruhara mw’ihonyabwoko mu bwicanyi bukabije bwabereye mu gisagara ca Srebrenica, igihe inteko z’Abaserbe zica abagabo n’abahungu b’aba Islamu ibihumbi umunani .

    Yamuciriye umunyororo w’imyaka mirongo ine.

    Nibwo bwicanyi bukabije cane bwabereye mu karere k’i Bulaya kuva habereye ihonyabwoko ry’Abayahudi.

    Umucamanza murkuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, O-Gon Kwon yavuze ko iyo Karadzic atabigiramwo uruhara, ubwicanyi bwo mu gisagara ca Srebrenica butari kuba.

    Mu mabanga yiwe y’umutegetsi mukuru w’Abaserbe bo muri Bosniya, niwe yakwirikirana ibikorwa vy’igisirikare vy’Abaserbe bo muri Serbiya.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga