Ku wa gatanu, Mata 08, 2016 isaha yo mu karere 06:40
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Argentine: Obama Yaributse Abahitanywe n'Agahotoro

    Prezida wa Amerika, Barack Obama na prezida wa Argentine, Mauricio Macri bariko bagendera ikibanza kirimwo icibutso c'abahitanywe n'intwaro z'agahotoro za gisirikare muri Argentine
    x
    Prezida wa Amerika, Barack Obama na prezida wa Argentine, Mauricio Macri bariko bagendera ikibanza kirimwo icibutso c'abahitanywe n'intwaro z'agahotoro za gisirikare muri Argentine

    Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama atangaza ko igihugu ciwe cikweze mu kuvuga ku vyaha bigayitse vyakozwe mu gihe c’intwaro z’agahotoro za gisirikare mu gihugu ca Argentine.

    Yamara prezida Obama avuga ko Reta yiwe izokoresha ukuri kandi izazohisha ivyerekeye kahise kayo.

    Prezida Obama yagendeye uno musi ku wa kane ikibanza kirimwo icibutso c’abasinzikajwe n’amabi yakozwe n’intwaro z’agahotoro za gisirikare, ku musi w’ukwibuka imyaka mirongo ine irangiye habaye coup d’etat yashizeho intwaro ya gisirikare yakandamije abanyagihugu.

    Prezida Obama avuga ko guhangana n’ukuri kuri kahise kadashemeye bisaba ubutwari.

    Amenyesha ko bikenewe kugira haboneke kazoza karangwa n’amahoro n’iterambere mu gihugu cubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu bose.

    Inzandiko zitakiri ikinyegezwa za Amerika zerekanye ko Amerika yashigikiye intwaro abaharanira agateka ka muntu bavuga ko yagize uruhara mw’iyicwa canke izimangana ry’abantu bagera ku bihumbi mirongo itatu hagati y’umwaka w’1976 n’umwaka w’1983 muri Argentine.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga