Ku wa kane, Mata 07, 2016 isaha yo mu karere 23:57
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Rwanda: Amerika Irashima ifatwa rya Ladislas Ntaganzwa

    Rwanda Ladislas Ntaganzwa
    x
    Rwanda Ladislas Ntaganzwa

    Reta zunze ubumwe z’Amerika zimenyesha ko zashimishijwe n’ingingo yafashwe n’igihugu ca Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo kurungika Ladislas Ntaganzwa mu gihugu c’Urwanda gucirirwayo urubanza kuvyaha bitandukanye birimwo ivya Jenoside hamwe n’ivyaha vyo gohohotera agateka kamuntu yakoze.

    Mw’itangazo yasohoye ejo kuwa gatatu, Amerika imenyesha ko ako ari akarorero keza mubijanye no gukorera hamwe mubijanye n’ubutungane hagati y’ibihugu vyo mu karere.

    Ntaganzwa abaye umuntu agira gatandatu yagirizwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho ku Rwanda yafashwe na Republika iharanira Demokarasi ya Kongo yoherejwe mu Rwanda gucirirwayo urubanza.

    Amerika irashima kandi abo bose bagize uruhara mur’ico gikorwa co kurungika Ntaganzwa mu Rwanda kandi isaba ko utwo twigoro twobandanya kugira n’abandi bagirizwa ihonyabwoko n’ibindi vyaha vyakorewe mu Rwanda bafatwe.

      Abantu indwi bagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko mu Rwanda nibo bakiriko bararonderwa, Amerika imenyesha ko izobandanya ifasha mu kubashengeza imbere y’ubutungane.