Ku wa kane, Mata 07, 2016 isaha yo mu karere 01:38
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Abategetsi b'Ubulayi Bariko baganira ku Mutekano

    Abasirikare b'Ububiligi bariko bubahiriza umutekano mu gisagara ca Bruxelles
    x
    Abasirikare b'Ububiligi bariko bubahiriza umutekano mu gisagara ca Bruxelles

    Abashikiranganji bajejwe ubutungane b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi, bagirishije ibiganiro i Bruxelles, uno musi ku wa kane, ku buryo bw’ugukomeza ivyerekeye iperereza n’umutekano.

    Ivyo ni mu gihe, igipolisi kiriko kirarondera uwundi muntu yikekwa mu bitero vyabereye ku murwa mukuru w’Ububiligi vyahitanye abantu mirongo itatu na babiri, abandi amajana atatu barakomereka.

    Igipolisi catanguye igikorwa c’uguhiga umuntu agira kabiri abonwa ko yagize uruhara mu gitero ca bombe cagizwe mu kibanza ca metro citwa Maelbeek, mu gitondo co ku musi wa kabiri.

    Abategetsi imbere yaho batangaje ko Khalid El Bakraoui ariwe yagize ico gitero cahitanye abantu mirongo ibiri, abandi batari bake barakomereka.

    Yamara amasanamu ya video muri ico kibanza ca metro yerekanye umuntu agira kabiri ariko agenda ari kumwe na El Bakraoui afise urusaho runini.

    Ibrahim avukana na El Bakraoui yaramenyekanye icese ko ari umwe mu biyahuzi babiri bagize ibitero vy’amabombe ku kibuga c’indege c’i Bruxelles.

    Itangazamakuru ryaramenye umwiyahuzi agira kabiri, azwi kw’izina rya Najim Laachraoui, akora amabombe mu murwi witwa, Reta ya ki Islamu, abonwa ko yagize uruhara rukomeye mu bitero vyagizwe mu gisagara ca Paris mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze.

    Umuntu agira gatatu, yabonywe mu masanamu ya video ku kibuga c’indege c’i Bruxelles, ari kumwe n’abo bandi biyahuzi babiri ntarafatwa.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga