Ku wa kane, Mata 07, 2016 isaha yo mu karere 20:07
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Burundi: Abiyemereye Ivyaha Baracidegemvya

    Abapolisi b'Uburundi barerekana ibigwanisho bafashe

    Igipolisi c’Uburundi n’iperereza bimaze ukwezi kurenga vyerekana abantu biyemerera kw’ ar’ abagwanyi bishikanye.

    Abo bantu bariyemerera ivyaha bitandukanye. Baremera ko bishe abantu, bakabata mu binogo rusangi. Baremera kandi n’ubwicanyi bwahitanye ababikira batatu b’Abataliyanokazi mu mwaka w’i 2014.

    Umushikiranganji ajejwe ubutungane, avuga kw’ ata ngorane biteye kw’ abo bantu bamara ico kiringo, batarafungwa.

    Ariko umushingwamanza Fabien Segatwa, yemeza ko mu mategeko, umuntu yiyemereye icaha, na cane cane gikomeye nk’ukwica, ategerezwa guca afungwa, ayandi matohoza akabandanya, ari mu munyororo.

    Ushobora kwumviriza inkuru ya Eloge Willy Kaneza, umumenyeshamakuru w' Ijwi ry'Amerika

    Umushikiranganji ajejwe ubutungane avuga ku bantu bishikanye
    Umushikiranganji ajejwe ubutungane avuag ku bantu bishikanyei
    ▶ || 0:00:00
    ... ⇱  
    • MP3 (Mupitatu) - 4,3MB
    • MP3 (Mupitatu) - 2,1MB
     
     
    X

     

     

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga