Ku wa gatatu, Mata 06, 2016 isaha yo mu karere 20:09
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Papa Faransisiko Asabira Abarundi Amahoro

    Umwungere wa Ekleziya Katolika Papa Faransisiko yasavye abantu bo kw’isi gukoresha “Ibirwanisho vy’urukundo” mu kurwanya ububisha  n’ubwicanyi burangwa kw’isi.

    Ivyo Papa yabishikirije yisunze ibitero vy’iterabwoba biheruka kuba ku murwa mukuru Buruseli mu Bubiligi mu ndwi irangiye mugihe yariko arahimbaza Pasika mu kibanza citiriwe Petero mwerada kiri mu gisagara c’I Roma.

    Mu nyuma Papa Faransisiko yashikirije ijambo ryiswe "Urbi et Orbi" yama yashikirije ku misi mikuru ya Pasika n’ivuka rya Kiristo aho yasavye ko Kristo yobegereza abahitanywe n’iterabwoba ridasiba kwama ryasheshe amaraso y’inzira karengane mu bice bitandukanye vy’isi.

    Yiyamirije kandi ibiriko birabera ku mugabane wa Burayi aho ikibazo c’impunzi n’abimukira cashitse k’urugero kitari bwigere gishikako kuva intambara ya kabiri y’isi ibaye. Yagaragaje ko adashimishwa n’ingene izo mpunzi ziriko zirafatwa kur’uwo mugabane wa Bulayi.

    Mw’ijambo yashikirije, ntiyibagiye gusaba ko ivyizigiro n’amahoro bitangwa na Kristo vyoterwa mu mitima y’abanyafurika cane cane Abarundi, Abanyamozambike, abo muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo n’abo muri Sudani y’epfo bari mu ruhagarara n’ubwicanyi bufatiye kumvo za politike.

    Umusi mukuru wa Pasika wahimbajwe n’abakirisitu kw’isi yose, aho bibuka izuka rya Yesu Kristo. N’umusi mukuru mutagatifu ku kirangamisi c’abakristu.

     

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga