Ku wa gatatu, Mata 06, 2016 isaha yo mu karere 17:00
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Kameruni: Amerika Yahaye Igipolisi Ibikoresho Bihanitse

    x

    Reta Zunze ubumwe z’Amerika carayahe igipolisi ca Kameruni ingabire igizwe n’ibikoresho vyo kubuhinga buhanitse bizokoreshwa mu gukurikirana uruja n’uruza rw’abantu ku bibuga vy’indege no kumbibe.

    Ivyo Amerika ibikoze mu ntumbero yo gufasha ico gihugu mu rugamba rwo kurwanya Umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram.

    Umukuru w’igipolisi muri Kameruni Martin Mbarga Nguelle yamenyesheje ko Ivyo bikoresho bizofasha gufata abicanyi mugihe bagerageza guhungira no kwihisha mu banyagihugu.

    Amerika yahaye Kameruni ibindi bikoresho vyo kumenya ahari ibisasu biturika.

    Izo ngabire zije ziyongera kuzindi ngabire zigizwe n’bikoresho Amerika yahaye igisirikare ca Kameruni kugira kibikoreshe mu kurwanya Boko Haram mu buraruko bw’ico gihugu.

     Igihugu ca kameruni catanguye kuja mu ntambara n’umuhari wa Boko Haram kuva aho uwo muhari utanguriye gutera ibisagara vya Kameruni biri hafi ya Nijeriya mu mwaka w’2013.