Ku wa gatatu, Mata 06, 2016 isaha yo mu karere 18:53
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Tanzaniya: Bamwe mu Bashingamateka Batanze Imihoho

    Tanzaniya kw'ikarata
    x
    Tanzaniya kw'ikarata

    Bamwe mu bagize komite y’inama nshingamateka ya Tanzaniya ijejwe ukubaho neza kw’abanyagihugu batanze imihoho.

    Basavye umukuru w’inama nshingamateka gutanguza itohoza ry’ukuri ku vyagirizo vyuko bamwe mu bashingamateka basavye ibiturire amashirahamwe ya Reta.

    Benshi mu bashingamateka bagirizwa bari mu mugambwe uri ku butegetsi, Chama Cha Mapinduzi, mu mpfunyapfunyo, CCM, wa prezida John Magufuli.

    Abanyatannzaniya batangaza ko hamwe ivyo vyagirizo vyaba ari ukuri, vyogeramira utwigoro twa prezida tw’ukurwanya ruswa mu nzego za Reta.

    Yamara umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, Nape Nnauye avuga ko abashingamateka yavuganye nabo bahakanye ko bakiye ibiturire.

    Ivyatangajwe na Nnauye vyabaye inyuma yuko umukuru w’inama nshingamateka, Job Ndugai, ahinduye imwe mu mirwi y’inama nshingamateka, arakura bamwe mu bashingamateka mu bibanza vy’ubuyobozi.

    Ibinyamakuru vyatangaje kw’ihindurwa ry’iyo mirwi vyatumwe n’ivyagirizo vya ruswa. Yamara Ndugai arabihakana mw’itangazo.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga