Ku wa gatatu, Mata 06, 2016 isaha yo mu karere 14:03
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru / Amakuru Ashyushye

    BURUNDI: Itohoza Ku Basirikare Bagandaguwe

    Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi arabeshuza amakuru avuga kw’abagandaguye Lieutenant Colonel Darius Ikurakure, bamaze gufatwa.

    Lieutenant Colonel Darius Ikurakure
    x
    Lieutenant Colonel Darius Ikurakure

    Colonel Gaspard Baratuza avuga kw’abantu baganduguye uyo musirikare ku musi wa kabiri  hamwe n’abagandaguye Major Didier Muhimpundu ku musi wa kabiri mw’ijoro, igihe c’isamoya n’igice, gushika ubu batarafatwa, yamara kw’itohoza ribandanya.

    Ikurakure yatangandaguriwe ku biro vy’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare n’umuntu yambaye impuzu za gisirikare, yaciye atungwa n’ayo yameze, ahejeje gukora iryo bara.

    Muhimpundu nawe yagandaguriwe ku kabare yari yateramiyemwo, inyuma y’aho umuntu amuhamagariye, akamusaba ko bahurira imbere y’akabare yarimwo.

    Baratuza avuga kw’abajejwe itohozwa ry’ubwo bwicanyi bariko barakora ibishobotse vyose kugira ngo ababisha bafatwe.

    Mushobora kwumviriza ikiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika:

    Colonel Gaspard Baratuza, abeshuza amakuru kw'abagandaguye Lieutenant Ikurakure, bafashwe
    Colonel Gaspard Baratuza, abeshuza amakuru kw'abagandaguye Lieutenant Ikurakure, bafashwei
    ▶ || 0:00:00
    ... ⇱  
    • MP3 (Mupitatu) - 4,0MB
    • MP3 (Mupitatu) - 2,0MB
     
     
    X

     

     

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga