Amakuru / Amakuru Ashyushye
BURUNDI: Itohoza Ku Basirikare Bagandaguwe
Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi arabeshuza amakuru avuga kw’abagandaguye Lieutenant Colonel Darius Ikurakure, bamaze gufatwa.
-
kora kopi
- Igitekerezo
-
Share:
Lieutenant Colonel Darius Ikurakure x
Lieutenant Colonel Darius Ikurakure
Colonel Gaspard Baratuza avuga kw’abantu baganduguye uyo musirikare ku musi wa kabiri hamwe n’abagandaguye Major Didier Muhimpundu ku musi wa kabiri mw’ijoro, igihe c’isamoya n’igice, gushika ubu batarafatwa, yamara kw’itohoza ribandanya.
Ikurakure yatangandaguriwe ku biro vy’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare n’umuntu yambaye impuzu za gisirikare, yaciye atungwa n’ayo yameze, ahejeje gukora iryo bara.
Muhimpundu nawe yagandaguriwe ku kabare yari yateramiyemwo, inyuma y’aho umuntu amuhamagariye, akamusaba ko bahurira imbere y’akabare yarimwo.
Baratuza avuga kw’abajejwe itohozwa ry’ubwo bwicanyi bariko barakora ibishobotse vyose kugira ngo ababisha bafatwe.
Mushobora kwumviriza ikiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika:
Colonel Gaspard Baratuza, abeshuza amakuru kw'abagandaguye Lieutenant Ikurakure, bafashwe
- Urutonde rw'ibyo ushaka
inikiza
- MP3 (Mupitatu) - 128,0kb/s - 4,0MB
- MP3 (Mupitatu) - 64,0kb/s - 2,0MB