Ku wa gatatu, Mata 06, 2016 isaha yo mu karere 16:40
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Nijeri: Mahamadou Issoufou Afite Amajwi Menshi

    Perezida wa Nijeri, Mahamadou Issoufou

    Igice c’ivyavuye mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu mu gihugu ca Nijeri, vyerekana ko Mahamadou Issoufou agiye gutsinda n’amajwi menshi cane.

    Ku bw’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, Komisiyo y’amatora y’igihugu ca Nijeri, avuga ko Issoufou yaronse ibice mirongo icenda na bitatu vy’amajwi mu gihe bitatu vya kane vy’amajwi amaze guharurwa. Iyo komisiyo ivuga kw’igitigiri c’abitavye amatora ari ibice mirongo itandatu na kimwe kw’ijana.

    Abatavuga rumwe na reta bateye akamo k’ukwihoza amatora yo ku musi w’Imana bavuga kw’ivyavuye mu matora bitizigiwe.

    Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry'Amerika muri Nijeri, yatangaje ku musi w’Imana kw’igitigiri c’abitavye amatora cari hasi cane mu gihugu czose.

    Umuvugizi w’urunani rw’abatavuga rumwe na reta, Ousseini Selatou yavuze kw’ibitigiri vyashikirijwe biteye isoni.

    Issoufou, muri iki gihe afise imyaka mirongo itandatu n’itanu yatowe kuyobora Nijeri mu mwaka w’i 2011, inyuma ya kudeta yakuye ku butegetsi Mamadou Tandja.

    Urunani rw’abatavuga rumwe na reta bameneysha ko Issoufou ariko atera atwaza agahotoro. Bagiriza kandi sentare nkuru y’igihugu ca Nijeri kw’ikorana na reta kugira Issoufou asubire gutorwa.

     

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga