Ku wa gatatu, Mata 06, 2016 isaha yo mu karere 19:17
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    Mali: Icicaro c’Inteko z’Ubumwe bwa Buraya Caratewe

    Malian troops on alert near the European Union military mission in Bamako, Mali, March 21, 2016.
    x
    Malian troops on alert near the European Union military mission in Bamako, Mali, March 21, 2016.

    Mu gihugu ca Mali, abantu bane bitwaje ibigwanisho barateye ihoteli kumugwa mukuru Bamako.

    Mur’iyo Hoteli niho hari ibiro bikuru vy’inteko z’ubumwe bwa Burayi zagiye kugarukana amahoro muri Mali.

    Abajejwe umutekano kur’iyo hoteli barishe umwe mur’abo barwanyi.
    Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Burayi ryatangaje ko ata mukozi waryo yahasize ubuzima canke ngo akomereke.
    Nta muhari n’umwe uratangaza ko ariwo ur’inyuma y’ico gitero.

    Ico gitero kibaye inyuma y’amezi ane aheze umuhari wa al-Qaida ugavye igitero ku Hoteli Radisson Blu ku mugwa mukuru Bamako, igitero cahitanye abantu 20.